Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Kand’ i Yopa hār’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:36
30 Referans Kwoze  

Iryo jambo n’iryo kwizerwa, ndagomba yuk’ utsindagira ivyo, ubikobereje, kugira ngw abizeye Imana bagire umwete wo kugumya gukora ibikorwa vyiza. Ivyo ni vyiza, bigira ico bimarira abantu.


nawe ubgawe wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo,


natwe tuzohumbira ibiti i Lebanoni, ivy’ uzogomba vyose; tuzobikurungikira tubitēkeye imbambo, tubicishe mu kiyaga bishike i Yopa; nawe uz’ ubidūganishe i Yerusalemu.


ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Kandi bagerera abubatsi n’ababaji amahera, ab’i Sidoni n’ab’i Tiro babagerera ivyo kurya n’ibinyobga n’ amavuta, kugira ngo bazane ibiti vy’amasederi, babikūre i Lebanoni babizane ku kiyaga babishikane i Yopa, bakurikiye ibgirizwa ryashinzwe na Kuro Umwami w’i Buperesi.


handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.


kandi ni ko nyene mugiriranira na bene Data bose b’i Makedoniya hose. Ariko bene Data turabahanūra ngo murushirize kugira rwinshi.


mwuzuye imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yesu Kristo, ngo muheshe Imana icubahiro n’ishimwe.


Mur’ ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje.


Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: ūguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ata co mubasha gukora mutamfise.


Ariko Yona ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe. Amanuka i Yopa, abona ubgato buja i Tarushishi: atanga ikibuguro, atambukira muri bgo, ngw ajane n’abagiye i Tarushishi, ave mu nyonga z’Uhoraho.


Nk’impongokazi y’urukundo n’ingeregere y’igikundiro Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose; Kandi wame uhimbarwa n’ urukundo rwiwe.


n’i Meyarakoni n’i Rakoni no mu ntāra irābana n’i Yopa.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana,


N’unyaruke, mukunzi wanje, Umere nk’ingeregere canke nk’umukangara w’impongo, Wo ku misozi ibakw imibavu.


Ndabihanikirije, mwa bakobga b’i Yerusalemu mwe, Nk’uko bagenza ku ngeregere no ku mpongokazi vyo mw ishamba, Ntimunkomere umukunzi, ntimumukangure, Gushitsa ah’ avyigombeye.


Umukunzi wanje ameze nk’ ingeregere canke nk’umukangara w’impongo: Eh’ ahagaze inyuma y’inzu yacu, Arungurukira mu madirisha, Yiyerekanira mu nshingo zayo.


Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra.


Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu.


ahejeje kubīgānira vyose, abatuma i Yopa.


Maz’ arabinjiza, abaha indāro. Bukeye bg’aho, Petero arīkora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we.


ati Nari mu gisagara c’i Yopa, ndiko ndasenga, mbona neretswe nko mu nzozi ikintu kimanuka kivuye mw ijuru, kimeze nk’uruhuzu runiniya rufashwe ku mitwe ine, kiza aho ndi.


Atwīgānira ingene yabonye umumarayika mu nzu yiwe, ahagaze amubarira, ati Tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero,


N’uwa zibiri abigenza artyo, yungukamw’ izindi zibiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite