Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Petero aramubgira, ati Ayineya, Yesu Kristo aragukijije: vyuka, wizingire ikirago. Aca avyuka ako kanya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Petero aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije. Haguruka wizingire ikirago cawe.” Ubwo nyene Ayineya aca arahaguruka.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:34
11 Referans Kwoze  

Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?


Petero aramubarira, at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke.


Ariko kugira ngo mumenye k’Umwana w’umuntu afise ububasha mw isi bgo guharira ivyaha — bun’ abgira ikimuga, ati Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.


Amara imisi myinshi agenza artyo. Ariko Paulo adundumiwe, arahindukira, abarira dayimoni, ati Ndakubariye mw izina rya Yesu Kristo, muvemwo. Amuvamwo mur’ ako kanya.


ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.


Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.


Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.


Iryo ni ryo tanguriro ry’ibimenyetso Yesu yakoze ar’i Kana i Galilaya, yerekana ubgiza bgiwe; kand’ abigishwa biwe baramwizera.


asangay’ umuntu yitwa Ayineya, yar’ amaze imyaka munani avunda mu buriri, kuko yari yaramugaye.


Ababa i Luda n’i Saroni bose bamubonye bahindukirira Umwami Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite