Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Nuko Petero agendagenda hose, amanuka no ku bera baba i Luda,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Nuko Petero agendagenda muri izo ntara zose, hanyuma amanuka kuramutsa abizera b’i Luda.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:32
18 Referans Kwoze  

Ananiya aramwishura, ati Mwami, uwo mugabo ko numvise benshi bavuga ivyiwe, vy’inabi nyinshi yagirira abera bawe i Yerusalemu:


Na bo bamaze gushinga intahe, no kuvuga ijambo ry’Umwami Yesu, basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga ubutumwa bgiza mu mihana myinshi y’Abasamariya.


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


ndabandikiye mwese mur’ i Roma mukundwa n’Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.


Kand’ ivyo narabikora nyene nd’i Yerusalemu, ngashira abera benshi mu mabohero, mpawe ubushobozi n’abaherezi bakuru, kand’ aho bābica, nanje nishira mu bemera ko bicwa.


Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.


Maz’ intumwa zir’i Yerusalemu zumvise yukw Abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohana,


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bāri basinziriye irazurwa;


Kugira ngw arinde inzira z’ imanza ziroranye, Kand’ azigame urugendo rw’ abayoboke biwe.


Abera bo mw isi Ni bo ntōre nnezererwa bonyene.


Bene Elipali ni Eberi na Mishamu na Shemedi; Shemedi uwo ni we yubatse Ono na Lodi bo n’ibisagara bihakūkira;


Ab’i Lodi n’i Hadidi n’i Ono n’amajana ndwi na mirongwibiri na batanu.


Ab’i Lodi n’i Hadidi n’i Ono n’amajana ndwi na mirongwibiri n’umwe.


n’i Lodi n’i Ono ari co kiyaya c’ abanyamyuga.


asangay’ umuntu yitwa Ayineya, yar’ amaze imyaka munani avunda mu buriri, kuko yari yaramugaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite