Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Ariko bene Data babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Ariko abizera babimenye, baca bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:30
11 Referans Kwoze  

Avayo, aja i Taruso kurondera Sauli,


Umwami aramubarira, ati Va hasi, uje mu nzira yitwa Igororotse, ubarizeyo mu rugo kwa Yuda umuntu yitwa Sauli w’i Taruso, kukw arikw arasenga.


Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.


Maze nja mu ntāra z’i Siriya n’i Kilikiya.


Kand’ abaherekeje Paulo bamugeza muri Atenayi; maze babariwe kubgira Sila na Timoteyo ngo bamusangeyo n’ingoga, basubira inyuma.


Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda.


Yesu aja mu misozi ihera i Kayisariya mu bga Filipo, abaza abigishwa biwe, at’ Abantu bagira ng’ Umwana w’umuntu ndi nde?


Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Tuhasanga bene Data bamwe, baratwinginga ngo tumarane na bo imisi ndwi: uko ni ko twashitse i Roma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite