Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 avuga ashize amanga mw izina ry’Umwami Yesu; yaravuga ahārīra n’Abayuda bāvuye i Bugiriki: na bo barondera ingene bomwica.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Yama avugana yongera aharira n’Abayuda bavuga Ikigiriki, ariko bo bakama barondera ingene bomwica.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:29
13 Referans Kwoze  

Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.


Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’ Uhoraho aguhane.


nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data;


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


Yinjira mw isinagogi, amara amezi atatu avuga ashize amanga: akīranira ivy’ ubgami bg’Imana abibemeza.


Bashitse muri Efeso, abasiga ngaho; ariko we aragenda yinjira mw isinagogi, ahārīra n’Abayuda.


Nukw ahārīrira n’Abayuda n’abubaha Imana mw isinagogi, no mu kaguriro imisi yose ahārīra n’abāmusangaho.


Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Aba kumwe na bo amaja n’amaza i Yerusalemu,


ndamubona ambgira, ati Tebuka, uve i Yerusalemu vuba, kuko batazokwemera ivy’ unshingira intahe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite