Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:27
20 Referans Kwoze  

Na Yosefu, uwo intumwa zise Barunaba, risobanurwa ng’Umwana wo guhanūra, Umulewi yavukiye i Kupuro,


Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


Kandi n’abandi Bayuda bahumbana na we, bitayeko na Barunaba atwarwa n’ubgo buhumvyi bgabo.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana w’icenda.


Canke jewe na Barunaba ni twebge twenyene tutemererwa kureka gukora?


Maze Paulo na Barunaba bamaze kugira ibihāri n’imibūrano itari mike n’abo bantu, abaho bahūza inama gutuma Paulo na Barunaba n’abandi bamwe bo muri bo, ngo baje i Yerusalemu ku ntumwa n’abakuru kubg’ iyo mibūrano.


Bariko barasenga Umwami Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga, ati Ni mundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye.


Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.


Avayo, aja i Taruso kurondera Sauli,


Inkuru yabo ishika mu matwi y’ishengero ry’i Yerusalemu, batuma Barunaba ngw ashirwe ashitse muri Antiyokiya.


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


avuga ashize amanga mw izina ry’Umwami Yesu; yaravuga ahārīra n’Abayuda bāvuye i Bugiriki: na bo barondera ingene bomwica.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite