Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 maze Sauli amenya inama yabo. Bamutegera ku marembo ku murango no mw ijoro kugira ngo bamwice.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 ariko Sawuli amenya imigambi yabo mibi. Ijoro n’umurango bama bamutegereye ku marembo y’igisagara kugira ngo bamwice.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:24
15 Referans Kwoze  

I Damasiko icēgēra c’umwami Areta carindishije igisagara c’Abanyadamasiko ngo bamfate.


bamusaba kubagirira neza kur’ uyo, ngw amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamuryamire bamutsinde mu nzira.


nkorera Umwami wacu n’umutima wicishije bugufi, kandi ndira, nterwa n’ibingerageza kubg’ inama z’Abayuda.


Amaray’ amezi atatu; maz’ Abayuda bamugīriye inama yo kumutega agira atambukire mu bgato aja i Siriya, agabira gusubira inyuma aciye i Makedoniya.


Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namb’ ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.


Maze mbariwe yuko bahigiye uwo mugabo, nca ndamukurungikira, mbarira abarezi ko bamuregera imbere yawe. Ndakwikebanuye.


Kuko bagabiye kukugirira nabi, Bagīye inama badashobora gushitsa.


Maz’ abigishwa biwe bamujana mw ijoro, bamucisha mu ruzitiro rw’amabuye, bamwururukirije mu gisangaza.


Ewe munyakibi, ntukabunde ku rugo rw’umugororotsi, Ntugasangangure umuhana wiwe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite