Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko Sauli arushiriza kugira ubushobozi, atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yesu ari we Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko inyigisho za Sawuli zirushiriza kugira ubushobozi mu kwemeza Abayuda b’i Damasiko ko Yesu ari we Kristo bituma bataronka ico basubizayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:22
21 Referans Kwoze  

Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Paulo agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ ūtagira intege amwongeramw’ inkomezi.


Arikw Imana yatoranije ibipfu vyo mw isi, ngw imāramāze abanyabgenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi ngw imāramāze ibikomeye,


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.


abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yar’ uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye: kand’ ati Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo.


Bagenda bunguka inkomezi, Umuntu wese wo muri bo aseruka imbere y’Imana i Siyoni.


Arik’ umugororotsi azokomerera mu nzira yiwe, N’ūfise amaboko yiziguye azokwama yunguka inkomezi.


Arik’ umuheto wiwe wama ubanze, Ari n’ubukuba mu maboko, Abihawe n’amaboko y’Inyenkomezi ya Yakobo, Ari yo Mwungere, Igitandara ca Isirayeli,


Ni ho nzokwigisha inzira yawe abacumura, Abanyavyaha baguhindukirire.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi.


Hashize imisi myinshi, Abayuda baja inama yo kumwica:


Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko.


Maz’ imyaka itatu ishize ndūga i Yerusalemu kwibonanira na Kefa, mmara i we imisi cumi n’itanu.


Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite