Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Abamwumva bose baratangara, bakabazanya bati: “Mbega uwu mugabo si umwe yahora atikiza abasenga izina rya Yesu i Yerusalemu? Mbega ntiyari yazanywe ino no gufata abizera kugira ngo abatware nk’imbohe ku bakuru b’abaherezi?”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:21
20 Referans Kwoze  

Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.


ah’ azozira gushimirwa abera biwe kuri wa musi, no gutangarirwa kubg’ abāmwizeye bose, kukw intahe twashinze muri mwebge yemewe.


Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye.


Babonye ugushira amanga kwa Petero na Yohana, kandi babona ko batigishijwe, atar’ abanyabgenge, baratangara; maze bamenya ko bābana na Yesu;


bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asēgerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko.


Bose barumirwa barazazanirwa, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki?


Ico gihinda cumvikanye, hakorana abantu benshi, barajorerwa, kuk’ umuntu wese yumvise ururimi rw’i wabo baruvuga.


Umve none, yewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwe na bagenzi bawe bicara imbere yawe; kukw abo ar’ abantu bo kwerekana ibizoba: kuko rāba, nzozana umushumba wanje Shami.


Ehe twe n’abana Uhoraho yampaye tur’ abo kubera Abisirayeli ibimenyamenya n’ibitangaza biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo aba ku musozi Siyoni.


Mmeze nk’igitangaza kuri benshi: Ariko ni wewe buhungiro bganje bukomeye.


Ereg’ indagu nta co yotwara aba Yakobo, Cank’ ubupfumu ngo bugire ico butwara Abisirayeli. None biravugwa ku ba Yakobo no ku Bisirayeli, Ngw Ewe kuntu Imana yakoze!


Ni ho nzokwigisha inzira yawe abacumura, Abanyavyaha baguhindukirire.


Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje.


Ariko Sauli arushiriza kugira ubushobozi, atsinda Abayuda baba i Damasiko, abereka yuko Yesu ari we Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite