Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 amusaba ivyete vyo guha ab’ amasinagogi y’i Damasiko, kugira ngo ni yabona abantu bakurikira Inzira ya Yesu, ar’ abagabo cank’ abagore, abajane i Yerusalemu mu ngoyi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:2
23 Referans Kwoze  

Nko mur’ ico gihe havyuka imivurungano itari mike kubg’ Inzira ya Yesu.


Ariko bamwe bikomantaje imitima, b’intumva, batukira Inzira ya Yesu imbere y’abantu, ava muri bo, arobanura abigishwa, uko bukeye ahārīrira mu nzu yo kwigishirizamwo ya Turano.


Arikw iki ni co nkwemerera: n’uk’ ukw iyo Nzira iri, iyo abo bita igice, ari ko nkorera Imana ya ba sogokuruza bacu, nemera vyose bifatanije n’ivyagezwe kandi vyanditswe mu vy’abāvugishwa n’Imana;


Ariko Feliki, kuko yar’ azi neza ivy’ Iyo Nzira ivy’ ari vyo, arabibīka, ati Lusiya umukuru w’abagabisha b’abasoda ni yaza, nzoca urubanza rw’amajambo yanyu.


Uwo yari yigishijwe inzira y’Umwami wacu, acānīrwa mu mutima n’umwete, yavuga yigisha ivya Yesu avyitondeye, yar’ azi umubatizo wa Yohana gusa.


kandi n’ino ahafise ububasha abuhāwe n’abaherezi bakuru, bgo kuboha abambaza izina ryawe bose.


Ngikora ivyo, nja i Damasiko mpawe ubushobozi ndungitswe n’abaherezi bakuru.


Uwo mwami agirira ubugunge ubgoko bgacu, agirira ba sogokuruza nabi, abateshereza abana babo b’inzoya kugira ngo ntibabeho.


Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


Aburamu ahenga mw ijoro, abantu biwe abacamw’ ibico, barabatera barabanesha, barabakinagiza gushitsa i Hoba, ahahera i bumoso bg’i Damasiko.


Imbūri yo kuri Damasiko. Rāba Damasiko hakūweho, ntihacitwa umurwa, hazoba ibirundo vy’amasakamburira.


Ivy’ i Damasiko. I Hamati haratēterewe, bo n’i Arupadi; kuko humvise inkuru mbi, harashonga: ku kiyaga hahagaritse umutima, ntihashobora gutēkāna.


Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi.


Kand’ ivyo narabikora nyene nd’i Yerusalemu, ngashira abera benshi mu mabohero, mpawe ubushobozi n’abaherezi bakuru, kand’ aho bābica, nanje nishira mu bemera ko bicwa.


I Damasiko icēgēra c’umwami Areta carindishije igisagara c’Abanyadamasiko ngo bamfate.


kandi sinadūze i Yerusalemu ku bantanguriye kuba intumwa, ariko nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite