Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 maz’ ararya, intege ziragaruka. Amarana imisi n’abigishwa b’i Damasiko;

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ahejeje gufungura, udutege turagaruka. Nuko Sawuli amarana imisi n’abigishwa i Damasiko.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:19
11 Referans Kwoze  

Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


bamuha n’ikimanyu c’irobe ribumbabumbge mu nsukoni, n’udusoko tubiri tw’inzabibu zumye; ariye, aca arahēmbūka, kuko yar’ amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya, ata co anywa.


kandi sinadūze i Yerusalemu ku bantanguriye kuba intumwa, ariko nagiye muri Arabiya, kandi hanyuma nsubira i Damasiko.


amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.


Ni wīgīre, wīrīre ivyo kurya vyawe unezerewe, winywere vino yawe n’umutima uhimbawe; kukw Imana imaze kwemera ibikorwa vyawe.


Uwo mwanya ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumūka, ava hasi, arabatizwa:


Ashitse i Yerusalemu, agerageza kwifatanya n’abigishwa: bose baramutinya, ntibemera kw ar’ umwigishwa.


Kandi kukw i Luda hāri hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikīra.


Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite