Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:17
36 Referans Kwoze  

Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera.


babashira imbere y’intumwa, kandi bamaze gusenga zibarambikakw ibiganza.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Abigishwa buzuzwa umunezero na Mpwemu Yera.


no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira.


atakir’ umugurano wawe, arikw aruta umugurano, ari mwene So, akundwa: akundwa nanje cane, arikw arushiriza gukundwa nawe, mu vy’umubiri no mu Mwami wacu.


Ni co gituma nkwibutsa gufurūra ingabire y’Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwakw ibiganza vyanje.


Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n’ivy’ abavugishwa n’Imana mu kurambikwakw ibiganza vy’abakuru.


Umuntu wa mbere yandurutse mw ivu, n’uw’ umukungugu: umuntu wa kabiri yandurutse mw ijuru.


Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana w’icenda.


Nuko mwemerane, nk’uko Kristo na we yabemeye, kugira ngw Imana ishimishwe.


Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Umwami aranyishura, ati Ndi Yesu, uwo urik’ urahīga.


Na bo bavyumvise bahimbaza Imana; maze baramubgira, bat’ Urabona, mwene Data, ingen’ Abayuda bizeye ar’ ibihumbi vyinshi; kandi bose bagira ishaka ry’ivyagezwe.


Paulo amaze kubarambikakw ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana.


Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitsekw ibiganza, barabarungika.


Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose;


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.


Maz’ uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubāgira ishūri inuze.


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:


Maze ntiyashobora gukoreray’ igitangaza na kimwe, atar’ abarwaye bake yarambitsekw ibiganza, akabakiza.


Bamuzanira abana bato, ngw abarambikekw ibiganza, abasabire. Arikw abigishwa barabakankamira.


Yosefu abarira bene se, at’ Enda ni munyegere. Baramwegera; aravuga, ati Ni jewe Yosefu mwene so, umwe mwaguze ngashōrwa muri Egiputa.


aramwinginga cane, at’ Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho.


Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera,


Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n’Imana,


Uwo mwanya ibisa n’ibikaragashi bimuva ku maso, arahumūka, ava hasi, arabatizwa:


Mbega sind’ uwidegemvya? Sind’ intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimur’ igikorwa canje mu Mwami?


Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite