Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ananiya aramwishura, ati Mwami, uwo mugabo ko numvise benshi bavuga ivyiwe, vy’inabi nyinshi yagirira abera bawe i Yerusalemu:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ananiya arishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:13
31 Referans Kwoze  

Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


Ariko Sauli, akigenda afuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi, aja ku muherezi mukuru,


Muntahirize Filologo na Yuliya, na Nereyu na mushiki we, na Olumpa n’abera bose bari kumwe na bo.


ngo mumwākīre kubg’ Umwami wacu, nk’uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c’azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo jewe.


nkire ab’i Yudaya batayumvira, kand’ ingaburo yanje ngiye kugabura i Yerusalemu ishimwe n’abera;


ndabandikiye mwese mur’ i Roma mukundwa n’Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.


Kandi nahama abakurikira Inzira ya Yesu gushitsa bapfuye, nkababoha nkabashira mu mabohero abagabo n’abagore.


Nuko Petero agendagenda hose, amanuka no ku bera baba i Luda,


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Samweli arasiguza, ati Nogenda nte? Erega Sauli ni yavyumva azonyica. Uhoraho aramwishura, ati Hitana inka y’ishashi, ugende, uvuge, uti Nje gushikanira Uhoraho ikimazi.


Abamwumvise bose barūmirwa, bati Mbeg’ uyu si we yatikije abambaza iryo zina i Yerusalemu? Kandi ni co cari kimuzanye n’ino, kugira ngw abashīre abaherezi bakuru bari mu ngoyi.


Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.


turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.


Mbivugiye kubatētereza. Mbega vyoshoboka yuko muri mwebge hatagira umunyabgenge n’umwe yoshobora gucira urubanza bene Se?


kukw Imana atar’ iy’ umuvurungano, ariko n’iy’ amahoro. Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera,


Nuko ku vyo gukoranya ibitabara abera, nk’uko nageze amashengero y’i Galatiya, abe ari ko namwe mukora.


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.


turabandikiye bene Data bo muri Kristo bera b’abizigirwa, mur’ i Kolosayi. Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebge biva ku Mana Data wa twese.


Muntahirize ababaganza bose, bo n’abera bose. Abo muri Italiya barabatasha.


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite