Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kandi hāriy’ umuntu yitwa Simoni, yahora akora ivy’ amarēba mur’ico gisagara, akūmiza ubgoko bg’Abasamariya, akīyita agakomeye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Hari umugabo yitwa Simoni yari amaze igihe ari umunyamareba muri ico gisagara, agatangaza ab’i Samariya bose,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:9
20 Referans Kwoze  

Bararamiriza baca mur’ ico kizinga cose, bashika i Pafo, basangay’ umugabo w’umunyamarēba, umuraguzi w’ibinyoma, yar’ Umuyuda, izina ryiwe ni Bari‐Yesu;


kuko mu misi ishize Teyuda yādutse yiyita agakomeye, igitigiri c’abantu gishika nk’amajana ane gikondōrera inyuma yiwe: maz’ aricwa, abāmwumvira bose barasābagira, bacika ubusa.


Ūvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; arik’ ūrondera icubahiro c’uwamutumye, ni we w’ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.


Umuntu yirukira abahamagara imizimu n’abamenyi, akaja kubaraguza, akabahurumbira nk’ ikimaka; nzohoza igitsūre canje kuri we, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Arikw icatuma bamushirak’ umutima n’uk’ uhereye kera yabūmiza n’amarēba yiwe.


N’abanyamarēba bo muri Egiputa na bo babigira bartyo babikoresheje amarēba yabo: umutima wa Farawo urakomantara, ntiyumvira Mose na Aroni, nk’ uk’ Uhoraho yari yaravuze.


Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.


Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’ Imana,


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


Ba banyamarēba ntibashobora guhagarara imbere ya Mose kubg’ ivyo bihute; kuko vyari bifashe abo banyamarēba, bo n’Abanyegiputa bose.


Ariko Eluma, uwo munyamarēba (izina ryiwe ni ko risobanurwa), arabahāririza, ashaka guhuvya ico cēgēra ngo nticizere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite