Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Na Filipo aramanuka, aja mu gisagara c’i Samariya, abamenyesha ivya Kristo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nuko Filipo amanuka mu gisagara kimwe c’i Samariya, abwira abantu baho ivya Kristo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:5
18 Referans Kwoze  

Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,


Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.


Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.


Kukw irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atar’ iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo.


ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambge: uyo ku Bayuda n’ikigwisha, ku banyamahanga n’ubupfu:


Kand’ imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.


Kuko nagabiye kutagira ico mmenya muri mwebge, atari Yesu Kristo, we yabambge.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo avuga bashize hamwe, bumvise kandi babonye ibimenyetso akora.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo, ati Va hasi uje i bumanuko, ushike ku nzira imanuka iva i Yerusalemu ikaja i Gaza: imwe yo mu bugaragwa.


Filipo yirukirayo, yumva asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana; aramubaza, at’ Ivyo usoma urabitahuye?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite