Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:40
21 Referans Kwoze  

Bukeye bg’aho tuvayo, dushika i Kayisariya, twinjira mu nzu ya Filipo umuvuzi w’ubutumwa bgiza, n’umwe muri ba bandi ndwi, twaka indāro i we.


Ariko Fesito abishura yuko Paulo arindirwa i Kayisariya, kand’ ubgiwe kw agiye kujayo vuba.


Abo bashitse i Kayisariya bashīra icēgēra ca Kayisari ca cete, bamushikiriza na Paulo.


Ahamagara babiri bo mu bagabisha b’abasoda ijana, arababarira, ati Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n’abagendera ku mafarasi mirongwirindwi, n’ab’ amacumu amajana abiri, bahenge mw ijoro isaha zitatu bagende.


I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.


Abafilisitiya bafashe mpiri isandugu y’Imana, bayikūra i Ebenezeri bayijana i Ashidodi.


n’ubushobozi bg’ibimenyetso bikomeye, n’ibitangaza, n’ubushobozi bga Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bga Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko,


Hashize imisi, umwami Agiripa na Berenike bashika i Kayisariya, baja kuramutsa Fesito.


Amaze muri bo imisi itarenga umunani cank’ icumi, aramanuka aja i Kayisariya; bukeye bg’aho yicara ku ntebe y’imanza avuga ko bazana Paulo.


Nuko Fesito ashikiriye intāra amara gatatu, araheza ava i Kayisariya adūga i Yerusalemu.


Bamwe mu bigishwa bavuye i Kayisariya turajana, bazana Umunyakupuro yitwa Munasona, yar’ umwigishwa wa kera, tuba ari we dusemberako.


Herode amurondeye amubuze, acunaguza abateramyi, avuga ko babajana kubica: maz’ ava i Yudaya amanuka i Kayisariya, agumayo.


Bukeye bg’aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yar’ abīteze, yākoranije incuti ziwe n’abakunzi bo ku mutima.


Na bo bamaze gushinga intahe, no kuvuga ijambo ry’Umwami Yesu, basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga ubutumwa bgiza mu mihana myinshi y’Abasamariya.


Ikivyarwa ni co kizogazagaza muri Ashidodi, kand’ Abafilisitiya nzobamara amanyama.


Ntihagira n’umwe wo mu Banaki asigara mu gihugu c’Abisirayeli, atari bamwe‐bamwe basigaye i Gaza n’i Gati n’i Ashidodi.


Ariko bene Data babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.


Uwo mwanya abagabo batatu bavuye i Kayisariya, bantumweko, bahagarara imbere y’inzu turimwo.


Afashe i Kayisariya, aradūga aja i Yerusalemu, aramutsa ishengero, aramanuka, aja muri Antiyokiya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite