Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Arikw abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Abasanzaye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:4
8 Referans Kwoze  

Nukw abāsābagijwe n’amarushwa yabaye kubg’ ivya Stefano baragenda, bashika n’i Foyinike n’i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry’Imana atar’ Abayuda bonyene.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.


ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


Kandi Paulo na Barunaba baguma muri Antiyokiya bigisha abantu, bababgira ijambo ry’Umwami Yesu, bafatanije n’abandi benshi.


nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ar’ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana.


Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite