Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Filipo arayishura, ati Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka. Na yo iti Nizeye Yesu Kristo kw ar’ Umwana w’Imana.]

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Filipo aramwishura ati: “Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa.” Na we arishura ati: “Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana.”]

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:37
20 Referans Kwoze  

Bakigenda mu nzira, bashika ah’ ar’ amazi, iyo nkone iramubaza, it’ Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’iki? [


Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanukana baja mu mazi bompi, Filipo n’iyo nkone, arayibatiza.


Simoni Petero aramwishura, at’ Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.


Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera;


Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza.


Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira,


Yesu yumvise ko bamuhindiye hanze, aja kumurāba, aramubaza, ati Mbega wizeye Umwana w’Imana?


Na we at’ Ego me Mugenzi, nizeye k’uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe wo kuza mw isi.


Arikw ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w’Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw izina ryiwe.


Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.


Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


Kuk’ umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’ akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza.


Ni co gituma mbamenyesha yukw ata muntu avugishwa na Mpwemu w’Imana, avuga ati Yesu n’ikivume: kand’ ata muntu ashobora kuvuga, ati Yesu n’Uhoraho, atabivugishijwe na Mpwemu Yera.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Uwatura yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana, Imana iguma muri we, na we akaguma mu Mana.


Uwemera wese yuko Yesu ari Kristo, ni we yavyawe n’Imana; kand’ umuntu wese akunda uwo Muvyeyi, akunda n’uwavyawe na we.


Ni nde atsinda isi, atar’ uwizera yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana?


Uwizera Umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite