Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Bakigenda mu nzira, bashika ah’ ar’ amazi, iyo nkone iramubaza, it’ Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’iki? [

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?” [

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:36
9 Referans Kwoze  

ati Mbega har’ uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe?


Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y’i Salimu, kukw aho har’ amazi menshi, abantu bāraza bakabatizwa,


Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe n’amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bgami bg’Imana.


Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso: si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Filipo arayishura, ati Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka. Na yo iti Nizeye Yesu Kristo kw ar’ Umwana w’Imana.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite