Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:35 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Filipo ateranura akanwa, atangurira kur’ ivyo vyanditswe, amubgira ubutumwa bgiza bga Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:35
20 Referans Kwoze  

Atangurira kuri Mose no ku bāvugishwa n’Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.


kuko yatururuza Abayuda abatsindira imbere y’abantu, yerekana mu vyanditswe yuko Yesu ari we Kristo.


Kuko nagabiye kutagira ico mmenya muri mwebge, atari Yesu Kristo, we yabambge.


Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.


Yanzika kuvuga, arabigisha,


Kand’ imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.


namba mwaramwumvise, mukigishirizwa muri we nk’uk’ ukuri kwo muri Yesu kuri,


Akanwa kacu karabasēsekariye, yemwe Bakorinto, umutima wacu urāgutse;


ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambge: uyo ku Bayuda n’ikigwisha, ku banyamahanga n’ubupfu:


Arikw inyererezi zimwe zo mu Bayuda zāsenda impwemu zihumanye zīgerera kuvugira izina ry’Umwami Yesu hejuru y’abatewe n’impwemu zihumanye, ziti Tubarahiye Yesu, uwo Paulo avuga.


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni,


aca ahērakw avuga mu masinagogi ivya Yesu, yukw ar’ Umwana w’Imana.


kugira ngo na yo iz’ itume Kristo yabatoranirijwe kera, ni we Yesu.


Maze bamwe mu banyabgenge bitwa Abepikureyo, n’abandi bitwa Abasitoyiko bahūra na we. Bamwe muri bo barabazanya, bati Mbeg’ uyu adedemba agomba kuvuga ibiki? Abandi bat’ Umenga n’ūzanye imana z’ivyaduka: kuko yavuga ubutumwa bgiza bga Yesu n’ubg’ ukuzuka.


Iyo nkone ibaza Filipo, iti Ndakubaza: uwavugishwa n’Imana yavuze ayo majambo kuri nde? Ni we yayīvuzeko, canke yayavuze ku wundi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite