Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Hamwe yacishwa bugufi barēngānye urubanza rwiwe, Ab’ urunganwe rwiwe ni nde azoshobora kubadondora? Kuk’ ubugingo bgiwe bukūwe mw isi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Yarakengerewe abura uwumuburanira. Ni nde yovuga ivy’uruvyaro rwiwe? Kuko ubuzima bwiwe bwakuwe kw’isi?”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:33
17 Referans Kwoze  

Ni co gituma nzomugabanganya umugabane n’ abahambaye, kand’ azogabura iminyago n’abanyenkomezi; kuko yasutse ubugingo bgiwe, akageza ku gupfa, agaharūranwa n’abanyabicumuro: yamar’ ubgiwe yishizekw icaha ca benshi, kand’ asabira abanyabicumuro.


Yakūweho no kugirirwa nabi no gutsindishwa; mu bo mu runganwe rwiwe ni nde yabishizek’ umutima ko yakūwe mw isi y’abakiriho? Ibicumuro vy’abantu banje ni vyo yakubitiwe.


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Ni co gituma amabgirizwa asigaye yāfōrorotse, akaba ata manza ziroranye zikiboneka na mba: kuk’ umunyakibi atangatanze umugororotsi irya n’ino, bigatuma imanza ziboneka zigoramye.


Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


kugira ngo bānzure abakene ngo ntibacirwe imanza, bagakūra urubanza ku bagorwa bo mu bantu banje, bagasahura abapfakazi, bakanyaga n’ impfuvyi.


bagatsindanishiriza abanyakibi kubg’ ingurire, ariko bagakūra urubanza ku bagororotsi!


Uruvyaro ruzomusaba; Abuzukuru bazovuka bazobarirwa ivy’ Umwami Imana.


Intege zanje zumye nk’urujo, Ururimi rwanje rufatanye n’ uruhekenyero; Kand’ unshize mu mukungugu w’urupfu.


Kuko Yobu avuga, ngo N’ umugororotsi, Kandi ngw Imana yamurīrīriye urubanza:


ati Ndahiye uguhoraho kw’ Imana, ari yo yandīririye urubanza, Ni yo Īshobora vyose, yagiriye nabi ubugingo bganje,


Yaracuranguzwa, yamar’ akarendeka, ntiyakūrak’ umunwa; nk’ umwagazi w’intama ujanwa mw ibāgiro, canke nk’ukw intama itekerereza imbere y’abayikemura, ni kw atākūyek’ umunwa.


Iyo nkone ibaza Filipo, iti Ndakubaza: uwavugishwa n’Imana yavuze ayo majambo kuri nde? Ni we yayīvuzeko, canke yayavuze ku wundi?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite