Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Igihimba co mu vyanditswe yasoma cār’ iki, ngo Yajanywe nk’intama bajana mw ibāgiro, Nk’uk’ umwagazi w’intama utekerereza imbere y’uwukemura Ni kw atākūyek’ umunwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Iyo nkone yariko isoma Ivyanditswe bivuga ngo: “Yatwawe nk’intama ijanwa kubagwa, atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya, ntiyigera akurako umunwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:32
18 Referans Kwoze  

Nzobamanukana nk’ imyagazi y’intama ija kubāgwa, nk’amapfizi y’intama n’ay’ impene.


Nk’uko handitswe, ngo Twirirwa twicwa, bakuduhōra, Twagereranijwe n’intama z’imbagwa.


Ariko nari mmeze nk’umwagazi w’intama w’ikirīga ujanwa kubāgwa; sinari nzi yuko bampigiye imihigo, bat’ Enda turandurane igiti n’ivyo camye, tumukūre mw isi y’abakiriho, kugira ngw izina ryiwe ntiribe ricibukwa ukundi.


Naracereje, sinateranura akanwa, Kukw ari wewe wabikoze.


Kutavuga kwangize ikiragi, ndahora; naho vyoba ivyiza sinabivuga; Umubabaro wanje urafururwa.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Ariko wewe, Uhoraho, uranzi; urambona, ugerageza umutima wanje ng’ urābe uk’ ukumereye: ubakwegere kubāgwa nk’intama, ubategurire umusi wo kubāgirwako.


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.


n’imasa y’umukangara imwe, n’impfizi y’intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;


Na we ati Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo? Yinginga Filipo ngo yūrire bicarane.


Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga,


n’imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’isuguru y’intama imwe itarengeje umwaka, vyo kuba ikimazi co kwoswa;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite