Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:29
16 Referans Kwoze  

Petero aciyumvira ivyo yeretswe, Mpwemu aramubarira, ati Har’ abantu batatu bariko barakurondera.


Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo.


Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’ impwemu zizimiza no ku vy’ inyigisho z’abadayimoni,


Aza aho turi, yābīra umukanda wa Paulo, awibohesha amaguru n’amaboko, aravuga, at’ Uku ni ko Mpwemu Yera agize: Nyen’ uyu mukanda, uku ni kw Abayuda bazomubohera i Yerusalemu, bazomushira mu maboko y’abanyamahanga.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.


arikw ivyo vyose uwo Mpwemu umwe ni we abikorera muri bo, agabira umuntu wese ukw agomba.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo, ati Va hasi uje i bumanuko, ushike ku nzira imanuka iva i Yerusalemu ikaja i Gaza: imwe yo mu bugaragwa.


Yahindukiye yicaye mu mukogote wiwe ukwegwa n’amafarasi, asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana.


Filipo yirukirayo, yumva asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana; aramubaza, at’ Ivyo usoma urabitahuye?


Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.


Batemeranije ubgabo barataha, Paulo asubiye kuvuga ijambo rimwe, at’ Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yesaya, yabivuze neza,


Nuko, nk’uko Mpwemu Yera avuga, at’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite