Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Yahindukiye yicaye mu mukogote wiwe ukwegwa n’amafarasi, asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Ariko arataha, yicaye mu mukogote wiwe, yagenda arasoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:28
19 Referans Kwoze  

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw’ ubgenge bgose: mwigishanye, muhanūrane, muririmba zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n’ubuntu bgayo.


Batemeranije ubgabo barataha, Paulo asubiye kuvuga ijambo rimwe, at’ Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yesaya, yabivuze neza,


Bamuha igitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe,


nk’uko vyanditswe mu gitabo c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya, ngw Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa, Ati Ni mutegure inzira y’Uhoraho, Mugorore iz’ ibihamo ziwe.


Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.


Ivyo wihanikirije navyākiriye ngo bibe umwandu wanje w’ibihe bidashira, Kukw ari vyo kanyamuneza k’umutima wanje.


Mfise ubgenge buruta ubg’ abigisha banje bose; Kukw ivyo wihanikirije ari vyo ndimbūra.


Ibiri mur’ ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ ubikūre mu kanwa kawe; arik’ uze wame ubirīmbūra ku murango no mw ijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe.


Ava hasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y’ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga.


Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite