Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Maz’ umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo, ati Va hasi uje i bumanuko, ushike ku nzira imanuka iva i Yerusalemu ikaja i Gaza: imwe yo mu bugaragwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Maze umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo ati: “Va hasi ufate inzira ija mu bumanuko, iva i Yerusalemu ija i Gaza, imwe batagicamwo.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:26
18 Referans Kwoze  

Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


Maz’ umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi, ati Va hasi, uje guhūra n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibaze, uti Mbeg’ icatumye muja kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, n’ ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli?


Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.


Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe.


Umumarayika yavuganye na we amaze kugenda, ahamagara babiri bo mu basuku biwe, n’umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira:


Ababa muri Ashikeloni bazobirāba batinye, n’ababa i Gaza na bo, bazoja mu kajembegete; kand’ ababa muri Ekuroni ivyo bari bishimiye bizobatītūkana; kand’ i Gaza bazobura umwami, no muri Ashikeloni abantu bazohashira.


Hāri na Ashidodi nyene, bo n’udusagara n’imihana bihakūkira, na Gaza n’udusagara n’imihana bihakūkira nyene, ugashitsa ku ruzi rwa Egiputa no ku kiyaga kinini ujanye inkōkoro yaco.


Rāba amazahabu n’amafeza n’imiringa n’ivyuma ntibigira uko vyoharūrika. None rero shirako, ukore, kand’ Uhoraho abane nawe.


uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,


Urugabano rw’Abanyakanani rwahēra i Sidoni, rukagenda rurābana n’i Gerari, rugashika i Gaza: rukagenda rurābana n’i Sodomu n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, rukagarukira i Lesha.


Na Filipo aramanuka, aja mu gisagara c’i Samariya, abamenyesha ivya Kristo.


Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite