Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Simoni aramwishura, ati Munsengere Umwami Imana, ivyo muvuze hoye kugira ikimbako.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Simoni aca yishura ati: “Nsengera ku Mwami Imana kugira ngo mu vyo uvuze ntihagire ikizombako.”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:24
15 Referans Kwoze  

Abantu baza kuri Mose, bati Twakoze icaha, kuko twatonganije Uhoraho nawe; udusabire k’Uhoraho, adukūremw’ izi nzoka. Nuko Mose arabasabira.


Farawo aca ahamagaza Mose na Aroni, arababgira, ati Ni munyingingire Uhoraho, ankize ibi bikere, abikūre no mu bantu banje, nanje mpeze ndekure abantu biwe bagende, baje gushikanira Uhoraho ibimazi.


Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo.


None rero ni mwijanire amashūri ndwi n’impfizi z’intama ndwi, muje ku musavyi wanje Yobu, mwitangire ibimazi vyoswa; kand’ umusavyi wanje Yobu azobasabira, kukw ari we nzokwemera, kugira ngo noye kubagirira nk’uk’ ubupfu bganyu bumeze; kuko mutamvuzekw ibiroranye, nk’uk’ umusavyi wanje Yobu yagize.


Maz’ umwami abarira uwo muntu w’ Imana, at’ Inginga Uhoraho Imana yawe ampangaze, unsabire, ukuboko kwanje gukire. Nuk’ uwo muntu w’Imana yinginga Uhoraho, ukuboko kw’umwami kurakira, gusubira kumera uko kwahora.


Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.


Mujane n’ imikuku yanyu n’amasho yanyu, nk’uko mwavuze, mwīgīre; nanje munsabire umugisha.


None rero ndakwinginze, icaha canje ukimparire iri rimwe gusa, munyingingire Uhoraho Imana yanyu, ankūrek’ uru rupfu iri rimwe gusa.


None rero subiza uwo mugabo umugore wiwe, kukw ar’ūvugishwa nanje; na we azogusengera, ubone kubaho. Ariko n’utamumusubiza, umenye yuk’ utazobura gupfa, mwe n’abawe bose.


Nuko turisonzesha, dusaba Imana tuyinginga, iraheza yemera kutwumvira.


kugira ngo baze bahore baha Imana Nyen’ ijuru ibimazi vy’umubabge umota neza, kandi bansabire kuramba, jewe umwami n’abahungu banje.


Nukw abantu bose babarira Samweli, bati Dusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge abasavyi bawe, twoye gupfa, kuko twageretse ku vyaha vyacu vyose iki caha co kwisabira umwami.


Maze Aburahamu asenga Imana, ikiza Abimeleki n’ umwamikazi wiwe n’incoreke ziwe; baravyara.


Maz’ umwami Zedekiya atuma Yehukali mwene Shelemiya na Zefaniya mwene Mayaseya umuherezi kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana, ati N’udusengere k’Uhoraho Imana yacu.


bēgēra uwavugishwa n’Imana Yeremiya, bati Turakwinginze, emera ico tugusaba, udusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge aya masigarira twese; kuko dusigaye turi bake twahora turi benshi, nk’uko nawe utwibonera:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite