Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Nta n’agace canke umugabane ufise muri iki gikorwa, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:21
19 Referans Kwoze  

Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Kandi ni hagira umuntu akūra ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukūra ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe mur’ iki gitabo.


Ubugarariji bg’umunyakibi buvugira mu mutima wiwe: Nta gutinya Imana kuri mu maso yiwe.


Ūri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


Rāba, umutima wiwe urīkakishije, ntutunganye: arik’ umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera kwiwe.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ariko ntiyabigirana umutima utunganye rwose.


Bakavuga, bat’ Uhoraho ko yagize Yorodani urubibe hagati yacu namwe, mwebge Abareyubeni n’Abagadi, nta mugabane mufise k’Uhoraho! Uko ni kw abana banyu bohava bazotesha abacu kwubaha Uhoraho.


riti Mwana w’umuntu, abo bantu bakimagije ibigirwamana vyabo mu mitima, kandi bashize imbere yabo igitsitaza kibatsinda mu bigabitanyo vyabo: none noshobora nte kw abo bogira ico bansiguza na kimwe?


Ni co catumye Abalewi batagira umugabane cank’ ishamvu muri bene wabo; Uhoraho ni we shamvu yabo, nk’uko yababgiye, ari we Uhoraho Imana yanyu.)


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Nanje ndabishura, nt’ Imana yo mw ijuru ni yo izotuma bikunda, ni co gituma twebge abasavyi bayo dushirako tukubaka; ariko mweho nta mugabane, nta bubasha, nta n’icibutso mufise i Yerusalemu.


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


Kukw ibi mubizi neza, yukw ata mushakanyi, cank’ igihumane, cank’ uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bgami bga Kristo n’Imana.


Uwo muherezi amusuzume, maze ni yabona ico gisekera cunguruje koko aho nyene inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.


Filipo arayishura, ati Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka. Na yo iti Nizeye Yesu Kristo kw ar’ Umwana w’Imana.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite