Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ariko Simoni, abonye yukw abarambitswekw ibiganza vy’intumwa bahabga Mpwemu Yera, azizanira amahera,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Simoni abonye ko abantu baronka Mpwemu Yera barambitsweko ibiganza n’intumwa, aca azizanira amahera,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:18
7 Referans Kwoze  

n’ibihāri bidashira vy’abantu bononekaye ubgenge, bakūwekw ivy’ ukuri, bibgira yuko kwubaha Imana ar’ ukwironkera inyungu.


Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.


Nuko Hazayeli aja guhūra na we atwaye ingemu zo ku vyiza‐vyiza vyose vy’i Damasiko, abiremētse ingamiya mirongwine; nukw arashika ahagarara imbere yiwe, aramubarira, at’ Umwana wawe Beni‐hadadi, umwami w’i Siriya, arantumye, ngo Mbeg’ ubona azokira iyo ndwara yiwe?


Uti Mwamutītūje mu bantu biwe ngo mwironkere ingemu z’ amashi ya sayiri n’ubumanyagu bg’imitsima, uti Kugira ngo mwice abantu batāri bakwiye gupfa, mukize abatāri bakwiye kubaho, uti Mu buryo mubesha abantu biwe bakunda kwumviriza ibinyoma.


Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera.


ati Nanje ni mumpe ubgo bushobozi, kugira ng’uwo nzorambikakw ibiganza az’ ahabge Mpwemu Yera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite