Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Maze Petero na Yohana babarambikako ibiganza, baronka Mpwemu Yera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:17
15 Referans Kwoze  

Paulo amaze kubarambikakw ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana.


babashira imbere y’intumwa, kandi bamaze gusenga zibarambikakw ibiganza.


Ni co gituma nkwibutsa gufurūra ingabire y’Imana iri muri wewe ngo yake, yagushizwemwo no kurambikwakw ibiganza vyanje.


Ariko Simoni, abonye yukw abarambitswekw ibiganza vy’intumwa bahabga Mpwemu Yera, azizanira amahera,


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira.


Kuko nifuza kubabona, kugira ngo mbahe ingabire y’impwemu, ibaremeshe;


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


Uhoraho yishura Mose, ati Jana Yosuwa mwene Nuni, umuntu arimwo Mpwemu, umurambikekw ibiganza;


Kand’ igihe uzanye Abalewi imbere yanje jewe Uhoraho, Abisirayeli babarambikekw ibiganza.


Ntukagire umuntu wihutira kurambikakw ibiganza, kandi ntugafatanye n’abandi mu vyaha vyabo. Uze wame wirinda ubuhumane.


Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n’ivy’ abavugishwa n’Imana mu kurambikwakw ibiganza vy’abakuru.


Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitsekw ibiganza, barabarungika.


aramwinginga cane, at’ Akana kanje k’agakobga kari ku mpfiro, ndakwinginze, n’uze se, umurambikekw ibiganza, akire, abeho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite