Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Maz’ intumwa zir’i Yerusalemu zumvise yukw Abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohana,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Intumwa zari i Yerusalemu zumvise ko i Samariya abantu bakiriye ijambo ry’Imana, zica zibarungikira Petero na Yohana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:14
15 Referans Kwoze  

dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera.


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


n’ubugunge bgose bgo kugabitanya ku bahona, kuko batemeye gukunda ivy’ ukuri ngo bakizwe.


Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.


Bashitse i Yerusalemu, ishengero n’intumwa n’abakuru barabākīra, na bo babīgānira ivy’ Imana yakoranye na bo vyose.


Intumwa na bene Data bar’i Yudaya bumva yukw abanyamahanga na bo bemeye ijambo ry’Imana.


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Arik’ ūngaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n’ikizomutsindisha: ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w’umuhero.


Atuma Petero na Yohana, arababarira, ati Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye.


Uwabibge mw ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama imbuto, umwe akagira ijana, uwundi mirongwitandatu, uwundi mirongwitatu, birtyo birtyo.


Kukw ivyo yavuze n’ijwi rirenga ata kizobibuza gushika, abivugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, abarira ico gicaniro c’i Beteli n’utunyabugoro twose two mu bitabo vyo mu bisagara vy’i Samariya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite