Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Na Simoni na we arizera, kand’ amaze kubatizwa yāmana na Filipo: abonye ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye vyakorwa, arūmirwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Na Simoni na we arabatizwa, akurikira Filipo aho yaja hose, atangarira ibimenyetso n’ibitangaza Filipo yakora.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:13
16 Referans Kwoze  

Kand’ Imana ikoresha amaboko ya Paulo ibitangaza vy’agaheta:


Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivy’ akora vyose ubgiwe, kand’ azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebge mutangare.


Kw isabato ikurikira iyo, hakorana nk’abo mu gisagara bose kwumva ijambo ry’Imana.


Yesu arabishura, ati Nakoze igikorwa kimwe, mwese muratangara.


Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.


Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha;


Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.


bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asēgerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko.


Enda ni murābe mu mahanga, muvyitegereze; mutangare, mwumirwe: kuko mu gihe canyu ngira nkore igikorwa mutokwemera naho mwokibarirwa.


babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite