Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:12
22 Referans Kwoze  

Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.


Kand’ amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongwine, avuga ivy’ ubgami bg’Imana.


Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera;


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.


Ntihashobora kuba Umuyuda cank’ Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’ uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’ umugore; kuko mwese mur’ umwe muri Kristo Yesu.


Kuk’ umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’ akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza.


Ariko mu Mwami wacu, umugore agenda ku mugabo, ni ko n’umugabo agenda ku mugore.


akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.


Kandi none rāba, ndazi yuko mutazosubira kubona mu maso hanje, abo naciyemwo mwese mbabgira ivy’ ubgami bg’Imana.


Nashinze intahe mu Bayuda no mu Bagiriki y’ukwihana mu nyonga z’Imana, n’ukwizera Umwami wacu Yesu Kristo.


Ariko Krisipo, umukuru w’isinagogi, yizerana Umwami Yesu n’abo mu nzu yiwe bose; n’Abakorinto benshi bumvise barizera, barabatizwa.


Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu.


bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore;


Ariko Yesu aramubarira, ati Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ ubgami bg’Imana.


Abatuma kubarira abantu ivy’ ubgami bg’Imana, no gukiza abarwaye:


Arikw abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana.


Bavyumvise babatizwa mw izina ry’Umwami Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite