Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Bama bamushizek’ umutima bose, uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye, bat’ Uyu ni we bga bushobozi bg’Imana bgitwa Ubuhambaye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 kandi abantu bose, abahambaye n’aboroshe, baramutangarira bakavuga bati: “Uwu mugabo ni bwa bushobozi bw’Imana, bita ‘Ubushobozi Buhambaye.’ ”

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:10
12 Referans Kwoze  

Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.


Muri ya mitwe yaco mbonamw’ umwe usa n’ūkomeretse akagīrīre: uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikira ico gikōko bagitangarira.


Kand’ ingeso zabo z’isoni nke benshi bazozikurikira; kubg’ ivyo inzira y’ukuri bazoyitukisha.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


Mwihanganira ibipfu munezerewe, kuko mwibereye abanyabgenge.


ariko ku bahamagarwa, b’Abayuda n’Abagiriki, ni Kristo, ubushobozi bg’Imana, kandi n’ubgenge bg’Imana.


Ba bandi barereka kw avyimba, canke kw agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati N’imana.


Maz’ ishengero ribonye ico Paulo akoze, bavuga n’ijwi rirenga mu Kinyalukawoniya, bat’ Imana zitumanukiyemwo zīshushanije n’abantu.


Maz’ abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira, uhereye k’ūhambaye ugashitsa kuri nyarucari hanyuma y’abandi.


Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Kuk’ uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye, umuntu wese yifuza inyungu mbi; kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Maz’ abagabisha b’ingabo bose, na Yohanani mwene Kareya, na Yezaniya mwene Hoshaya, n’abantu bose uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite