Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ba sogokuruza bagirira Yosefu ishari, baramugura ngw ajanwe muri Egiputa. Imana ibana na we,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Kubera ishari ba sogokuruza bagiriye Yosefu, bamugurishije muri Egiputa; ariko Imana yari kumwe na we,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:9
14 Referans Kwoze  

Uhoraho abana na Yosefu, bituma aroranirwa; aba mu rugo rwa shebuja Umunyegiputa.


Atuma umuntu wo kubītangira imbere, Ni Yosefu yaguzwe ngw agirwe umuja:


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.


Yosefu abarira bene se, at’ Enda ni munyegere. Baramwegera; aravuga, ati Ni jewe Yosefu mwene so, umwe mwaguze ngashōrwa muri Egiputa.


Kuko yamenye yukw ishari ari ryo rimubatangishije.


Maz’ uhereye igihe yamugize umubgiriza wo mu rugo rwiwe, akamuzeza ivy’ afise vyose, Uhoraho aca aha umugisha urugo rw’uwo Munyegiputa, kubga Yosefu; umugisha w’Uhoraho uba ku vyo yar’ afise vyose, vyo mu rugo n’ivyo mu ndimiro.


Yamara noneho rema, ewe Zerubabeli, ni k’Uhoraho agize; nawe nyene rema, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki; kandi namwe bantu bo mu gihugu mwese, ni mureme, ni k’Uhoraho agize, kandi mushireko mukore, kuko ndi kumwe namwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize,


Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite