Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:60 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

60 Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

60 Aca agwa apfukamye, asemerera ati: “Mwami, ntubaharureko iki caha.” Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:60
23 Referans Kwoze  

Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,


Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira.


Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abāsinziriye.


Amaze kuvuga artyo, arapfukama, asengera hamwe na bo bose.


Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara.


muhezagire ababavuma, musabire ababagirira nabi.


Kand’ asangwa bimeze birtyo, n’abāsinziririye muri Kristo barayogeye.


Turangije iyo misi, tuvayo turagenda, bose baduherekezanya n’abagore n’abana, baturenza igisagara, dupfukama ku musenyi, turasenga.


Yamara Dawidi mu gihe ciwe amaze gukora ivy’ Imana igomba, arasinzira, ahamvya ba sekuruza, arabora.


Atandukana na bo, ashika nk’ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga,


ni we yadupfiriye kugira ngo tubaneho na we, ar’ iyo turi maso canke dusinziriye itiro ry’urupfu.


akongera akiyerekera hamwe bene Data basāga amajana atanu, mur’ abo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe bārasinziriye:


imva ziruguruka, imivyimba myinshi y’abera bāri basinziriye irazurwa;


Maze Daniyeli amenye kw ico candiko casinyweko, aja i we; kand’ amadirisha y’inzu yiwe yerekeye i Yerusalemu yama yuguruye; akomeza gupfukama gatatu‐gatatu ku musi, asenga Imana yiwe ayikengurukira, nk’uko yar’ asanzwe abigenza.


Ni co gituma muri mwebge benshi bagira intege nke, abandi bakarwaragurika, kand’ abatari bake bakaba bārapfuye.


Ikimazi ca ni kera kimaze gushikanwa, mva hasi aho nari nicaye ntēterewe, imvune yanje n’ umutamana wanje ar’ ibitabagurike; nca nkubita amavi hasi, nayira amaboko Uhoraho Imana yanje;


Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa,


Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.


Amaze kuvuga ivyo, arababgira, ati Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.


Mw ibūrana ryanje rya mbere nta wanyikije, ariko bose barantaye: icompa ntibabiharūrweko.


babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite