Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:55 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

55 Ariko Stefano yuzuye Mpwemu Yera, ahanga amaso mw ijuru, abona ubgiza bg’Imana, na Yesu ahagaze i buryo bg’Imana:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

55 Ariko Sitefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza b’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:55
27 Referans Kwoze  

Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


ariko ntibashobora gutsinda ubgenge na Mpwemu bimuvugisha.


Stefano yari yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi, yakora mu bantu ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye.


Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,


Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, n’iri: dufise umuherezi mukuru ameze artyo, avyagiye i buryo bg’intebe y’Īhambaye cane yo mw ijuru,


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubgiza bgiwe, kandi ni we yavuzeko.


Kukw azohagarara i buryo bg’umukene, Ngw amukize abacirakw iteka ubugingo bgiwe.


Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa.


Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.


Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buradūga buva ku murwa hagati, buhagarara ku musozi ur’ i ruhande y’umurwa ahahera i burasirazuba.


Nuk’ ubgiza bg’Uhoraho buradūga buva ku mukerubi, buhagarara imbere y’ irebe ry’ingoro; maz’ ingoro yuzura igipfungu, inyubakwa na yo yuzura ugukayangana kw’ubgiza bg’Uhoraho.


ufise ubgiza bg’Imana. Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk’icirore,


Kuko yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara.


Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira, ati Yemwe bashingantahe b’abantu n’abakuru,


Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.


Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buragenda buva imbere y’irebe ry’ingoro, buhagarara hejuru y’abakerubi.


Nca mva hasi nja mu kiyaya; mbona ubgiza bg’Uhoraho buhahagaraye, bumeze nk’ubgiza naboneye ku ruzi Kebari: maze nikubita hasi nubamye.


Nuko bakūrah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite