50 Mbeg’ intoke zanje si zo zaremye ivyo vyose?
50 Mbega ukuboko kwanje si kwo kwaremye ivyo vyose?’
nt’ Ewe Mwami Uhoraho! Erega ni wewe waremye ijuru n’isi, ubiremesha ubushobozi bgawe buhambaye, n’ukuboko kwawe kurāmvuye: nta kintu na kimwe kikunanira.
bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,
Uk’ ukwiye kubabgira n’uku: ut’ Imana zitāremye ijuru n’isi, izo ni zo zizoherengetezwa mw isi no musi y’ijuru.
Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.
Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba.
Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubgenge bgiwe ntibuserangurika.
kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw’ ijuru n’isi n’ikiyaga n’ ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza.
Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wawe, uwakubumvye uhereye ukiri mu nda, ati Ni jewe Uhoraho ndema vyose, nāguye ijuru nd’umwe, ngaranzura isi: har’ uwo twari kumwe?
Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, iyo, kukw ari yo Mwami w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zubatswe n’amaboko,