Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:49 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 at’ Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, Isi na yo n’indava y’ibirenge vyanje; Muzonyubakira inzu ki? ni k’Uhoraho abajije, Canke nzoruhukira ahantu ki?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 ‘Ijuru ni intebe yanje y’ubwami, isi na yo ni indava y’ibirenge vyanje.’ Ni ko Uhoraho avuze. ‘Mbega mwonyubakira inzu nyabaki? Canke ikibanza canje co kuruhukiramwo coba hehe?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:49
13 Referans Kwoze  

Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, isi na yo n’indava y’ ibirenge vyanje: muzonyubakira inzu ki, kandi n’ahantu ki hombera uburuhukiro?


Uhoraho ari mu rusengero rwiwe rwera, Uhoraho, intebe yiwe iri mw ijuru. Acacisha inyonga ziwe abana b’abantu, mu kigohe ciwe harabasuzuma.


Yesu aramubgira, ati Nyizera nyina wanje; igihe kija kuza, si kur’ uyu musozi cank’ i Yerusalemu muzosengera Data.


Har’ uwoshobora kwinyegeza ahantu hihishije ngo nanje sindamubone? ni jewe Uhoraho mbibajije. Mbega sinkwiye ijuru n’isi? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Arababgira, ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.


kand’ ūrahiye ijuru aba arahiye intebe y’Imana n’Iyivyagirako.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kubana n’abantu mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite