Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:48 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

48 Yamar’ Īsumba vyose ntiba mu zubakishijwe amaboko: nk’uk’ uwavugishijwe n’Imana yavuze,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

48 Ariko Iyisumbavyose ntiba mu nzu zubatswe n’amaboko y’abantu, nk’uko uwavugishwa n’Imana avuga ati:

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:48
17 Referans Kwoze  

Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kubana n’abantu mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Wagize Uhoraho ubuhungiro bgawe, Īsumba vyose wayigize uburuhukiro;


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Ūba mu bgigobeko bg’Īsumba vyose Azokwama ari mu gitūtu c’ Īshobora vyose.


Ariko wewe, Uhoraho, ushizwe hejuru gushitsa ibihe bitazoshira.


Nzoshima Uhoraho nk’uko bibereye ukugororoka kwiwe, Nzoririmba ntazira izina ry’ Uhoraho asumba vyose.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Harih’ uruzi, amazi yarwo anezereza umurwa w’Imana, Ni wo hēra har’ amahema y’ Isumba vyose.


Igihe Īsumba Vyose yagabanganya amahanga amashamvu yayo, Igatandukanya amoko n’ayandi, Yashizeh’ imbibe z’amahanga, Nk’ukw igitigiri c’Abisirayeli kingana.


Barahindukira, ariko si kuri jewe Ūsumba vyose; bameze nk’ umuheto utaye uruvuto. Abaganwa babo bazohindikiranywa n’inkota, bazize ukurandamuka kw’ururimi rwabo: ico ni co kizotuma baba agatwengo mu gihugu ca Egiputa.


Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi,


Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite