Maze Salomo atangura kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu ku musozi Moriya, ah’ Uhoraho yiyerekeye se Dawidi, ari ho nyene Dawidi yashinze, ku mbuga ya Orunani Umuyebusi.
Hiramu umwami w’i Tiro yumvise ko bimikishije Salomo amavuta ngw asubire ku ngoma ya se, amutumakw intumwa, kuk’ uhereye kera Hiramu yakundana na Dawidi.
Maz’ imyaka amajana ane na mirongumunani ishize, uhereye igihe Abisirayeli baviriye mu gihugu ca Egiputa, Salomo atangura kwubaka ingoro y’Uhoraho, hāri mu mwaka ugira kane ari ku ngoma, mu kwezi kwa Zivu, ari kwo kwezi kwa kabiri.