Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Ariko Salomo ni we yayubakiye ingoro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Ariko Salomo ni we yahavuye ayubakira inzu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:47
10 Referans Kwoze  

Non’ Uhoraho ashikije iryo jambo ryiwe yavuze, kuko nsubiye mu gishingo ca data Dawidi, kandi nkaba ndi ku ngoma y’i Bgisirayeli nk’uko yasezeranye, kandi nkaba nujuje iyi ngoro nubakiye izina ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli.


Ut’ Uwo ni we azomwubakira ingoro, ibe iy’ izina ryiwe, uti Kand’ azokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose.


Maze Salomo atangura kwubaka ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu ku musozi Moriya, ah’ Uhoraho yiyerekeye se Dawidi, ari ho nyene Dawidi yashinze, ku mbuga ya Orunani Umuyebusi.


Nuko Dawidi amaze kwinjira ingoro yiwe, abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’isezerano ry’Uhoraho iba mw ihema gusa.


Hiramu umwami w’i Tiro yumvise ko bimikishije Salomo amavuta ngw asubire ku ngoma ya se, amutumakw intumwa, kuk’ uhereye kera Hiramu yakundana na Dawidi.


Maz’ imyaka amajana ane na mirongumunani ishize, uhereye igihe Abisirayeli baviriye mu gihugu ca Egiputa, Salomo atangura kwubaka ingoro y’Uhoraho, hāri mu mwaka ugira kane ari ku ngoma, mu kwezi kwa Zivu, ari kwo kwezi kwa kabiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite