Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Iryo, ba sogokuruza barihawe na ba sekuru babo, barishikana ino, Yosuwa ari kumwe na bo, hamwe bātsinda amahanga, Imana iyirukana imbere ya ba sogokuruza, gushitsa ku gihe ca Dawidi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Bamaze guhabwa iryo hema, ba sogokuruza, barongowe na Yosuwa, baje bazanye iryo sandugu mu gihugu Imana yari ihejeje kwirukanamwo amahanga imbere yabo. Iryo hema ryagumye mu gihugu gushika ku gihe c’umwami Dawidi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:45
20 Referans Kwoze  

Wasohoje amahanga ukuboko kwawe, ariko bo urahabagerēra; Wateye amoko amarushwa, uca ugasāza bano.


Imaze guhonnya amahanga ndwi mu gihugu c’i Kanani, ibēgurira ico gihugu cabo kuba ishamvu yabo. Maze nk’imyaka amajana ane na mirongwitanu ishize,


Ikindi, Uhoraho yirukanye ya mahanga yose imbere yacu, bo n’Abamori bāba mur’ iki gihugu; ni co gituma natwe tuzogendanira Uhoraho, kukw ari yo Mana yacu.


Kuk’ Uhoraho yirukanye imbere yanyu amahanga ahambaye afise amagara; ariko mwebge nta muntu n’umwe yigeze kubahagarara imbere gushitsa ubu;


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


Kukw iyaba Yosuwa yarabaruhuye, ntiba yaravuze ubga nyuma ivy’ uwundi musi.


Yirukana amahanga imbere yabo, Ibakubitira amabango ahazoba ishamvu yabo, Yinjiza imiryango y’Abisirayeli mu mahema ya bano.


Nukw abo bana babo baraza binjira ico gihugu baracegukira, nawe unesha imvukira zaho ari bo Banyakanani, ubagabura mu maboko yabo, hamwe n’abami babo n’abantu bo mur’ ico gihugu, kugira ngo babagirire uko bashaka.


Kukw ihema ry’Uhoraho Mose yakoreye mu bugaragwa, n’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, vyari ku mpinga y’umusozi Gibeyoni.


Maze Sadoki umuherezi, n’abaherezi bagenzi be, abashira kw ihema ry’Uhoraho riri ku mpinga y’umusozi Gibeyoni,


Nuko badūgana iyo sandugu y’ Uhoraho, n’ihema ry’ibonaniro, bo n’ibintu vyera vyari mw ihema vyose; ivyo vyose abaherezi n’ Abalewi ni bo bābidūganye.


Nukw abantu batuma i Shilo, bakūray’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi, barayizana. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bazanana n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana.


Nukw ico gishushanyo kibājwe bāshinze, ico Mika yari yarironkeye, kiguma ngaho kumara igihe cose inzu y’ Imana yamaze i Shilo.


ati N’udūge mur’ iyi misozi yo muri Abarimu, urinde ushika ku musozi Nebo, uri mu gihugu c’i Mowabu, aharābana n’i Yeriko; witegereze igihugu c’i Kanani nahaye Abisirayeli kw ishamvu.


Wakūye umuzabibu muri Egiputa: Usohora amahanga, urawutera.


uwa Elishama ni Nuni, uwa Nuni ni Yosuwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite