Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Ba sogokuruza bāri bafise ihema ry’Ibishinga intahe, hamwe bāri mu bugaragwa, nk’ukw iyavuganye na Mose yabigeze, yamubgiye kurigereranya n’ikigereranyo yabonye.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

44 Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ry’isezerano mu bugaragwa. Ryari ryubatswe nk’uko Imana yari yategetse Mose, nk’uko ikigereranyo yari yeretswe cari kiri.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:44
17 Referans Kwoze  

Uz’ ugire umwete wo kubikoresha, ubigereranije n’ikigereranyo cavyo werekewe kur’ uyu musozi.


Iki ni co gitigiri c’ivyakoze iryo hema, ari ryo hema ry’Ibishinga intahe, nk’uko Mose yageze ko biharūrwa, Abalewi baba ari bo babiharūra, baharūzwa na Itamari, mwene Aroni umuherezi.


Kand’ abo bakorera igishushanyo n’igitūtu c’ivyo mw ijuru, nk’uko Mose yabgiwe n’Imana, agira akoreshe rya hema, it’ Ugire umwete wo gukoresha vyose, ubigereranye n’ikigereranyo werekewe kuri wa musozi.


akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’ abantu.


Bukeye umwami ahamagaza umuherezi mukuru Yehoyada, aramubaza, ati N’iki cakubujije kubgira Abalewi gutoza Abayuda n’ab’i Yerusalemu ikori, iryo Mose umusavyi w’Uhoraho yashingiye ikoraniro ry’Abisirayeli, ngo baritange kubg’ ihema ry’ibonaniro?


Dawidi aravuga, at’ Ivyo vyose nabimenyeshejwe n’ivyanditswe nahawe, bivuye mu kuboko kw’ Uhoraho, ivyo ni vyo bikwiye gukorwa nk’ukw iki citegererezo cavyo kimeze.


Maze Dawidi aha umuhungu wiwe Salomo icitegererezo c’urubaraza rw’urusengero, n’ic’ inyubako yarwo, n’ic’ ububīko bgarwo, n’ic’ ivyumba vyarwo vyo hejuru, n’ivyo muri rwo imbere, n’ic’ ikibanza ca wa mutemere wo guhongerako;


Maz’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bakoranira i Shilo, bahashinga ihema ry’ibonaniro; kand’ igihugu cari kimaze gukōndōka.


Kandi bene wanyu, ab’ umuryango wa Lewi, umuryango wa sogokuruza, ubazane, mwīgirane hafi, bafatanye nawe, bagutumikire, iyo mur’ imbere y’ihema ry’Ibishinga intahe, wewe hamwe n’abana bawe.


Mu mwaka ugira kabiri, mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo wa mirongwibiri, ca gicu kiradūga, kiva kuri rya hema ry’ Ibishinga intahe.


Ku musi rya hema ryashinzweko, ca gicu kiraza, kiraripfuka, ari ryo hema ry’Ibishinga intahe: maz’ uhereye ku mugoroba ugashitsa mu gitondo caba kur’ iryo hema gisa n’umuriro.


Nuk’ uz’ ushinge iryo hema, nk’ukw ikigereranyo caryo werekewe kur’ uyu musozi kimeze.


Uz’ ukibāze mu mbaho, ukigire igisamāre: nk’uk’ uvyerekewe kur’ uyu musozi, az’ abe ari ko bakibāza.


Nukw abantu bashīngūra amahema yabo, kugira ngo bajabuke Yorodani, kand’ abaherezi bareruye isandugu y’isezerano babītangira imbere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite