Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:42 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Arikw Imana irora irya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw ijuru: nk’uko vyanditswe mu gitabo c’abavugishwa n’Imana, ngo Mbega har’ ibitungwa bibāzwe cank’ ibimazi mwanshikaniye, Ya myaka ukw ari mirongwine yo mu bugaragwa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Maze Imana yirabira hirya, irabareka ngo basenge ibiba ku kirere, baba bashikije ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa, bivuga ngo: ‘Mbega hari ibimazi n’amashikanwa mwanshikaniye mu myaka mirongo ine mwamaze mu bugaragwa, Yemwe Bisirayeli?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:42
26 Referans Kwoze  

Namwe, mwebge ab’ inzu ya Isirayeli, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Hogi ni mugende, umuntu wese n’asabe ibigirwamana vyiwe! Ariko hanyuma muzonyumvira, kand’ izina ryanje ryera ntimuzoba mukirihumanisha amashikanwa yanyu n’ibigirwamana vyanyu.


ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana.


kandi mwiyubare kugira ngo ni mwararama mukarāba mw ijuru, mukabona izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, bize vyoye kubakwega ngo mubisenge, mubisabe, kand’ ari vyo Uhoraho Imana yanyu yashiriyeh’ amahanga yose yo musi y’ijuru.


Ariko baragarariza, bababaza Mpwemu wiwe yera; bituma ahinduka umwansi wabo, ubgiwe arwana na bo.


Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.


Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana: n’umureke!


Nukw anshikana mu nyubakwa y’imbere yo ku ngoro y’ Uhoraho; maze mbona ku rugi rw’urusengero rw’Uhoraho, hagati y’umuryango n’igicaniro, abantu bashika nko kuri mirongwibiri na batanu, bateye ibitugu urusengero rw’Uhoraho, berekeje amaso i burasirazuba, kandi bāriko barasenga izuba, batumbereye iyo rirasira.


None nanje nzobatoraniriza amagorwa, mbatēze ibibatera ubgoba; kukw aho nahamagara ata witavye, aho navuga ntibumve, ariko bagakora ivyo mbona kw ari bibi, bagahitamw’ ivyo nanka.


Kuko ni mwaheba Uhoraho, mugasaba imana z’inyamahanga, azohindukira abagirire nabi, abarandure, naho yari yarabagiriye neza.


Nuko mbaha amabgirizwa ataroranye, n’ivyagezwe bitababeshaho;


Nashavuriye ab’ ico gihe imyaka mirongwine, Ndavuga, nt’ Aba n’abantu bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje.


Yongera gutabisha ibitabo ku mpinga z’imisozi, ivyo se Hezekiya yari yarasibanganije, yubakira Bayali ibicaniro, abāza igishushanyo ca Ashera, nk’uko Ahabu umwami w’Abisirayeli yagize; asenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, arazisaba.


Nuko bata amabgirizwa yose y’Uhoraho Imana yabo, bīronkera ibishushanyo bibiri vy’ amamasa bavugutiye mu nkero, bakīronderera Ashera, bagasenga ingabo zose zo kw ijuru, ari zo nyenyeri, bagasaba Bayali,


akagenda agasaba izindi mana, akazisenga, ari nk’izuba, cank’ ukwezi, cank’ inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, kand’ ar’ ivyo ntabageze;


Ntiwanzaniye imyagazi y’ibimazi vyawe vyo kwosa, kandi ntiwanyubahishije ibimazi vyawe. Sinakugoje kunshikanira amashikanwa, sinakuruhishije imibavu.


Aho ba sogokuruza banyu bangeragereje bancaca, Bakabona ibikorwa vyanje imyaka mirongwine.


bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi.


Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.


Nuko mwiyubare, ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana vyoye kubashikako,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite