Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Uwo abakūrayo, amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu gihugu ca Egiputa, no ku Kiyaga Gitukura no mu bugaragwa, imyaka mirongwine.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Yabakuje muri Egiputa utwumiza n’ibitangaza yakoreye muri ico gihugu, ku kiyaga gitukura, no mu myaka mirongo ine bamaze mu bugaragwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:36
38 Referans Kwoze  

Nuko Mose aramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga; Uhoraho ahuhutisha umuyaga mwinshi uvuye i burasirazuba, ukēsha ijoro ryose, usubiza ikiyaga inyuma, amazi ayagabanyamwo kubiri, ahindura ikiyaga ahūmūtse.


Iyo myaka ukw ar’ amajana ane na mirongwitatu ishize, kur’ uwo musi nyene, amasinzi yose y’ ingabo z’Uhoraho ava mu gihugu ca Egiputa.


Uhoraho abarira Mose, ati N’ugende, uve ino, mwe n’ abantu wakūye mu gihugu ca Egiputa, mudūge muje mu gihugu narahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo ko nzogiha uruvyaro rwabo.


Abisirayeli bamara imyaka mirongwine barya manu, bageza aho bashikiye mu gihugu kirimw’ abantu; barya manu bashitsa aho bagereye ku rugabano rw’igihugu c’i Kanani.


Ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, Ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, Kuko batāgumye mw isezerano ryanje, Nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Yihanganira ingeso zabo nk’imyaka mirongwine mu bugaragwa.


Arikw Imana irora irya, irabaheba ngo basenge ingabo zo kw ijuru: nk’uko vyanditswe mu gitabo c’abavugishwa n’Imana, ngo Mbega har’ ibitungwa bibāzwe cank’ ibimazi mwanshikaniye, Ya myaka ukw ari mirongwine yo mu bugaragwa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Nashavuriye ab’ ico gihe imyaka mirongwine, Ndavuga, nt’ Aba n’abantu bama bazimira mu mitima yabo, Kandi ntibamenya inzira zanje.


werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu.


Impuzu zanyu ntizabashiriyeko, cank’ ibirenge vyanyu ngo bivyimbe, iyi myaka ukw ari mirongwine.


Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura.


Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantarije i Meriba, No kuri wa musi w’i Masa mu bugaragwa,


Yesu aramubgira, at’ Iyo mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza nta ho mwizera na mba.


Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa, Kuri wa musi wo kugerageza mu bugaragwa,


Aho ba sogokuruza banyu bangeragereje bancaca, Bakabona ibikorwa vyanje imyaka mirongwine.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite