Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:35 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Mose uyo, umwe banka, bati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n’umucunguzi, abihawe n’ukuboko kw’umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:35
32 Referans Kwoze  

Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.


Arikw Imana ni yo mucamanza: Icisha umwe bugufi, igashira uwundi hejuru.


Maze batakambiye Uhoraho, yumva ijwi ryabo, atuma umumarayika, abakūra muri Egiputa. Ngo Non’ ehe rāba, bar’ i Kadeshi, igisagara co ku rubibe rwawe.


Maz’ umumarayika w’Imana yahora abagenda imbere, avayo, agaruka inyuma yabo; ya nkingi y’igicu iva imbere yabo, iraza ihagarara inyuma yabo,


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Kw ijambo ryavugiwe mu kanwa k’abamarayika ryagumyeho, kand’ ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye,


Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose:


Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


Imyaka mirongwine ishize, umumarayika amubonekerera mu rubeya rw’umuriro waka mu gisaka c’amahwa mu bugaragwa bgo ku musozi Sinayi.


Uyo Imana yaramushize hejuru n’ukuboko kwayo kw’i buryo, ngw abe Umukuru n’Umukiza, ngw ahe Abisirayeli kwihana no guharirwa ivyaha.


Mose koko yaravuze, at’ Uhoraho Imana azobahagurukiriza ūvugishwa na we mu b’i wanyu ameze nkanje; uwo muze mumwumvire mu vy’ azobabarira vyose.


Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.


Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari.


Nuko basubira gusemerera, bati S’uyo, ariko turekurire Baraba. Yamara Baraba yar’ umwambuzi.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Warōngōje abantu bawe nk’ ubusho Ukuboko kwa Mose na Aroni.


Yakobo yagiye muri Egiputa, Abanyegiputa babagirira nabi; maze ba sogokuruza batakambira Uhoraho, na we atuma Mose na Aroni, babakūra muri Egiputa, babagerēra mur’ iki gihugu.


Arikw abantu b’abagesera bamwe baravuga, bati Mbeg’ uwo muntu yodutabara ate? Baramukēngēra, ntibāruha bamuzanira n’ imishikīro. Arikw apfa kwinumira.


Nanje ndarungika umumarayika abaje imbere, kandi nzocirukanamw’ Abanyakanani, n’ Abamori, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi:


None genda, ujane abo bantu ha hantu nakubarira; kand’ ehe rāba, umumarayika wanje azokuja imbere: yamara ku musi wo guhōra, nzobasubiriza mu nkōko ico caha cabo.


Nuko mu gicugu ca nyuma Uhoraho acishiriza ari mu nkingi y’umuriro n’igicu, arunguruka ingabo z’Abanyegiputa, azica ivutu.


Aramwishura, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu? Mbeg’ ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa? Mose aratinya, arivuganya, ati N’ukuri vyaramenyekanye.


Arikw ivy’ abapfuye yuko bazurwa, nta ho murasoma mu gitabo ca Mose hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, ingen’ Imana yamubgiye, iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite