Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 ati Ni jewe Mana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose ahinda agashitsi, ntiyatinyuka kwihweza.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 ‘Ndi Imana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo.’ Mose ahinda agashitsi kubera ubwoba bwinshi, ntiyubahuka gusubira kwunamuka ngo arabe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:32
23 Referans Kwoze  

Kand’ iti Nd’ Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose aca yipfuka mu maso, kukw atinye kwitegereza Imana.


iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo? Imana s’iy’ abapfuye, n’iy’ abariho.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, n’ico mw ijuru. Ni co gituma Imana itamāramāzwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Abigishwa bavyumvise, bubama hasi baratinya cane.


Ni we Mana iteye ubgoba bginshi mw ikoraniro ry’ abera, N’iyo gutinywa kurusha abayikikije bose.


Mfatwa n’ubgoba n’agatengo, Bituma amagufa yanje yose atetemera.


Maze Eliya akumvise, yipfuka umutamana wiwe mu maso, arasohoka ahagarara ku muryango w’iryo senga. Haza ijwi rimubaza, rit’ Ukora iki hano ga Eliya?


Kand’ ati Ntiworāba mu nyonga hanje: kuk’ umuntu atondāba mu nyonga ngw abeho.


At’ Ivyo n’ukugira ngo baze bemere yuko jewe Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, nakwiyeretse, ari jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo.


Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Yosefu abarira ab’i wabo, ati Ndi hafi gupfa; arikw Imana ntizobura kubagendera, ikabakūra mur’ iki gihugu, ikabajana mu gihugu yarahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo kw izobaha.


Uhoraho amwiyereka iryo joro, aramubgira, ati Nd’ Imana ya so Aburahamu: ntutinye, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguha umugisha, ngwize uruvyaro rwawe, kubg’ umusavyi wanje Aburahamu.


Ntihāgira ūshobora kumwishura ijambo na rimwe, kand’ uhereye kur’ uwo musi nta muntu yubahutse gusubira kumubaza ikindi.


Mose abonye ivyo biramutangaza: akivyēgēra ngw avyihweze, havuga ijwi ry’Uhoraho,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite