Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Imyaka mirongwine ishize, umumarayika amubonekerera mu rubeya rw’umuriro waka mu gisaka c’amahwa mu bugaragwa bgo ku musozi Sinayi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Haheze imyaka mirongo ine, umumarayika yiyereka Mose mu mbeya z’igisaka cariko kirasha mu bugaragwa hafi y’umusozi Sinayi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:30
24 Referans Kwoze  

Mose uyo, umwe banka, bati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n’umucunguzi, abihawe n’ukuboko kw’umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


ati Ni jewe Mana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose ahinda agashitsi, ntiyatinyuka kwihweza.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Kand’ iti Nd’ Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Mose aca yipfuka mu maso, kukw atinye kwitegereza Imana.


Arikw igihe c’isezerano kigira gishike, iry’ Imana yasezeraniye Aburahamu, abantu baragwira, baba benshi muri Egiputa,


Arikw ivy’ abapfuye yuko bazurwa, nta ho murasoma mu gitabo ca Mose hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, ingen’ Imana yamubgiye, iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo?


Maz’ ivyēgēra vy’umwami n’abaganwa n’abagabisha n’abajanama b’umwami bakoranye bitegereza abo bagabo, basanga umuriro utāshoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utābabutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako.


Wahaye abantu kuduhonyangisha ku gakanu amafarasi bagenderako, Twaciye mu muriro no mu mazi; Maz’ udukūramwo, udushira ahantu hatūritse.


Ariko mweho, Uhoraho yarabashīngūye, abakūra muri rya tanure rivugutira ivyuma, ari ryo Egiputa, kugira ngo mumubere abantu yiharije, nk’uko biri n’ ubu.


Mose yar’ amaze imyaka mirongumunani, igihe babarira Farawo, Aroni na we yar’ amaze mirongumunani n’itatu.


Nuko Hagari n’umusozi Sinayi wo muri Arabiya, usobanurwa ngo Yerusalemu wa none, kuk’ usangiye ubuja n’abana bawo.


Arikw abāpfuye ko bazuka na Mose yabimenyekanishije hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu n’Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Nukw aravyuka, ararya, aranywa; izo ndya azigendera imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ashika i Horebu ku musozi w’Imana.


N’uw’ ibirenze ibindi vyo mw isi n’ibiyuzuye, N’uw’ ubuntu bg’Imwe yari muri ca gisaka c’amahwa: Umugisha ube ku mutwe wa Yosefu, Mu gitwariro c’uwagizwe mukuru muri bene se.


Mose abonye ivyo biramutangaza: akivyēgēra ngw avyihweze, havuga ijwi ry’Uhoraho,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite