Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 iramubarira, iti Va mu gihugu canyu no mu muryango wanyu, uje mu gihugu nzokwereka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Yamubwiye iti: ‘Va mu gihugu cawe no mu bwoko bwawe, uje mu gihugu nzokwereka.’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:3
11 Referans Kwoze  

Uhoraho abarira Aburamu, ati Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.


Bukeye njana sogokuruza wanyu Aburahamu, ndamukūra hakurya y’urwo ruzi, mmugēndūza igihugu cose c’i Kanani, mmuha kurondoka; mmuha Isaka,


Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho nagukūye muri Uri i Bukaludaya kugira ngo nze nguhe iki gihugu ucegukire.


Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


Ni ko biri, umuntu wese muri mwebge adaheba ivy’ afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.


wabonye umutima wiwe kw ar’ uwo kwizigirwa imbere yawe, usezerana na we isezerano ryo kuzoha uruvyaro rwiwe igihugu c’Abanyakanani n’ic’ Abaheti n’ic’ Abamori n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abayebusi n’ic’ Abagirugashi; kand’ iryo sezerano wararishikije kuko wama ugororoka.


Maz’ ava mu gihugu c’i Bukaludaya, agerēra i Harani. Se amaze gupfa, iramwimura, imuzana mur’ iki gihugu mubamwo none.


Nuko rero, uhereye ah’ Imana yankūriye mu rugo kwa data, ikankwiragiza, naramubariye, nt’ Uku ni k’ukwiye kuzogenda untabara: aho tuzoshika hose, uz’ uvuge, uti Ni musazanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite