Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Bukeye bg’aho, asanga abarwana, ageza kubatātūra, ati Yemwe bagabo, mur’ umuryango umwe, n’iki gitumye mugiriranira nabi?

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Bukeye Mose asanga aho Abisirayeli babiri bariko baragwana, agerageza kubumvikanisha, ababwira ati: ‘Mwa bagabo mwe, ko muri abavukanyi, ni iki gituma mugiriranira nabi?’

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:26
12 Referans Kwoze  

Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta,


Nuko namba har’ ukuremeshwa muri Kristo, namba har’ ukwirurwa kuva mu rukundo, namba har’ ugusangira Mpwemu, namba har’ imbabazi n’ikigongwe,


Uwo muvukana iy’ umukomeretseko bigora kumugarura kurusha kunesha igisagara gikomeye, Kand’ ibitāti ben’ ivyo bimeze nk’ibihindizo vyugara inzu y’igihome.


Ewe kuntu ari vyiza kand’ ar’ ivy’ igikundiro Kw abavukana babana nyakubana!


Nukw asēzera bene se: bakiriko baragenda, arababgira, ati Mwirinde, ntimutanekw ibirake muri mu nzira!


Aburamu abarira Loti, ati Ndakwinginze, hoye kuba intonganya hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abawe, kuko tuvukana.


Uwo mwanya agōbēra abigishwa ngo batambukire mu bgato bītangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero.


Yibgira yukw ab’i wabo botahura kw Imana ibakirisha ukuboko kwiwe: ariko ntibabimenya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite