Ivyakozwe 7:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)25 Yibgira yukw ab’i wabo botahura kw Imana ibakirisha ukuboko kwiwe: ariko ntibabimenya. Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe25 Mose we yibaza ko benewabo baza gutahura ko Imana yariko iramukoresha mu kubakiza. Ariko Abisirayeli bo ntibabitahura. Gade chapit la |
Arikw abantu babarira Sauli, bati None Yonatani yopfa, kand’ ari we yahaye Abisirayeli ugutsinda kungana gurtyo? Biragahera! Turahiye uguhoraho kw’Uhoraho yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe kazohara ngo gakorokere hasi; kuko ku vyabaye uyu musi yafatanije n’Imana. Uko ni kw abantu bākijije Yonatani ngo ntāpfe.